Haraciye imyaka atari mike abariririmvyi eka n'abakunzi b'umuziki ico kibazo bagifise. bigatuma benshi batanako umwikomo hakabura n...
Haraciye imyaka atari mike abariririmvyi eka n'abakunzi b'umuziki ico kibazo bagifise.
bigatuma benshi batanako umwikomo hakabura numwe ashobora gutorera inyishu ico kibazo gihanze abaririrmvyi numuziki.
bamwe baravuga ko kwoba ari uko hoba hatari gushigikirwa kwabaririmvyi mukubafata mumugongo kugira baronke uburyo bakore kurwego rwohejuru,bashiremwo uburyo nkamashirahamwe canke amahinguriro eka na leta ubwayo.
ico kibazo kiramaze kuba nkora mutima kuburyo benshi batanatanako umwikomo,nkaba Dj ,bamwe ngo ntimutuvugiriza indirimbo zacu muguma muvuza izanyamahanga abandi ngo nimwe mudakora izo twipfuza dushobora kuvugiriza aho tuba turiko dukorera,bandi ngo ntabuhinga muguhinyanyura umuziki abandi ngo abaririmvyi ntibafata umwanya wo kwiyumvira ngo babe kugihe n'ibindi vyinshi cane...
mumini iheze hari ikibazo ko abanyamahanga aribo baguma bahamagarwa bagakorerwa ibiteramo eka bagahabwa n'amafaranga umurengera,ivyo bikaba vyarateye ikibazo kubaririmvyi benshi kuburyo abandi batangura gushinga ibiciro batazopfa bitabiriye ikintu na kimwe mugihe batabarishe mugihe harimwo umunyamahanga.
mbega ko ikibazo kiguma ari cakindi n'ubwo bamwe bagerageza kugira ico bashikirije haba kumbuga canke mubiganiro n'ingingo zimwe zimwe mubo dufata ko baserukiye umuziki ndundi bafata,harico bishobora guhindura na gito?
umwumwe wese arafise ico yoshikiriza kurico kibazo kuko hari n'inzego canke ishirahamwe na cooperative bijejwe gukurikirana ivyabanyamuziki
mugihugu nubwo benshi bavyidogera ko ataco bikora canke ngo bifashe abanyamuziki no mugihe hagize uwushikirwa n'ikibazo
ariko n'ubwo biruko ibibazo biraca ri vyabindi nyene.
ni kumenya ahari amamuko y'ibibazo bitumye umuziki ataco uriko uramarira baririrmvyi mbega ikibazo kivahe?
- Mbega umuziki ndundi wishwe n'abanyamahanga bahabwa amafaranga menshi mubiteramo?
- Mbega umuziki ndundi wishwe n'abamenyeshamakuru?
- Mbega umuziki wishwe n'abaririmvyi nyene ubwabo?
- Mbega umuziki wishwe n'abakunzi bawo?
kirumwumwe ashobora gushikiriza iciyumviro muri commmentaire
tuzobandanya tubaha inyishu kubibazo kubushakashatsi nibiyago tuzogirana n'umwumwe murabo
iciyumviro cawe imbere

