Uno musore yakundanye n'umukobwa igihe kitari gito,mugihe cose bakundanye nuwo mukobwa yama amwemeza ko atawundi musore bakundanye kand...
Uno musore yakundanye n'umukobwa igihe kitari gito,mugihe cose bakundanye nuwo mukobwa yama amwemeza ko atawundi musore bakundanye kandi ko ariwe muhungu wambere amaze kumuresha akemerera.
umuhungu yagumanye icizere arwiza ubwizirwa kumukobwa bituma umuhungu agenda kumwereka abiwabo kuburyo abiwabo n'umuhungu bama bafata ko bamaze kuronka umukazana atakindi gisigaye,kuko nabo bivanyo nuko umukobwa bamubona ninyifato yiwe vyatuma bamukunda gusumba,umuhungu yarakoze uko ashoboye kugira anezereze umukobwa eka akanamugirira ibintu vyose bisabwa kugira umukobwa aberwe,ariko mugihe cose bari kumwe umukobwa ntiyigera ashima ko umuhungu yomenya cane ivyo mumuryango wiwe,canke ngo amwerekane ko ariwe mukunzi wiwe.
haciye igihe kitari gito umuhungu yipfuza ko yoshobora gutegura kuja gusaba irembo no gukwa iwabo nuyo mukobwa ariko kenshi iyo uyo mukobwa afitaniye umubonano nuyo muhungu yama amubwirako terefone yiwe yazimye kubera guhera umucanwa,bikaba kenshi.
umuhungu aregera umuryango arabwira abavyeyi ko yipfuza kuja gusaba irembo nkuko mumico y'ikirundi bimeze,baritegura baja gusaba irembo,ariko bikaba vyabaye mumpisho kuburyo atanamafoto y'igeze asohorwa kuko yabwira umuhungu ko benshi mubagenzi biwe bamufuhira bashobora kumuroga,bigapfa vyiza aruko vyoba mwibanga.
baratanga inkwano eka nikibanza kizokorerwamwo urubanza kirategurwa. hasigaye indwi zibiri ngo bashingiranwe n'umukobwa niho baja ahantu ngo bavugane uko botegura urubanza n'ibisabwa,umukobwa atangura kugira ibizunguzungu arwa hasi niho kumujana kwamuganga ibipimo vyerekanako umukobwa afise inda,ariko umuhungu akaba atari bwabimenye nikokuja muri telefone yawamukobwa asangamwo ama message uyo mukobwa yavugana nundi musore nivyo bayaga vyose,kandi asangamwo na message ivuga ko yasamye inda kandi atabona uko ari bubigenze ngo ntivyice urubanza rwiwe,uyo musore akaba ari nawe yagendana nuwo mukobwa imbere yuko amenyena nuwo muhungu,ariko bikaba vyarakomeje mwibanga kugezaho amutumako ngo amusezere iryanyuma akaca amujana iwe kugira bakore imibonano mpuza bitsina akaca amutera inda.
mubona uyu muhungu yari gukora iki? ko umukobwa yamaze gutangirwa inkwano kandi nimiryango itaramenya ico kibazo kiri hagati yabo bantu babiri,atari Docteur .
tuzobabwira munkuru iri imbere iko vyaheze..
siga commentaire uko wobigwnza

