Page Nav

HIDE

Grid

GRID_STYLE

Classic Header

{fbt_classic_header}

Top Ad

//

Breaking News:

latest

Muammar al-Qaddafi: Ivyari vyihishije Mw'Itembagazwa ry'ubutegetsi bwiwe,n'iyicwa ry'iwe

 Muri Ruhuhuma 2011, nyuma y’imyiyerekano ya guverinoma yateye Prezida Zine al-Abidine Ben Ali na Hosni Mubarak kuva ku butegetsi mu bihugu ...

 Muri Ruhuhuma 2011, nyuma y’imyiyerekano ya guverinoma yateye Prezida Zine al-Abidine Ben Ali na Hosni Mubarak kuva ku butegetsi mu bihugu bibanyi na Tuniziya na Misiri, imyiyerekano yo kurwanya Kadhafi yatanguriye mu mugisagara ca Benghazi co muri Libiya.


 Mu gihe imyiyerekano yakwiragira mu gihugu cose, ubutegetsi bwa Kadhafi bwagerageje kubahagarika bikabije, butegeka abapolisi n’ingabo z’abacangero kurasa amasasu yukuri ku biyerekana no gutegeka ibitero vy'inkoho, indege z’intambara, n’inkoho za kajugujugu ku bibanza vyerekanwe. 

Abayobozi ba leta z’amahanga n’imiryango mpuzamakungu iharanira agateka kazina muntu biyamirije ibitero vy’ubutegetsi ku biyerekana. 

Amayeri arenze ya Kadhafi nayo yatandukanije abantu bakuru muri guverinoma ya Libiya. Minisitiri w’ubutungane wa Libiya yaratanze imihoho ashigikira abari mumyiyerekano, kandi abadipolomate benshi bakomeye bo muri Libiya baratanze imihoho  batanga itangazo ryo gushigikira iyo myiyerekano. Ku wa 22 ruhuhuma, Kadhafi yashikirije  ijambo kuri televiziyo ya Leta yiyamiriza, yanka kuva ku butegetsi maze ahamagara abiyerekana abahemu n'abagome. Yavuze ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bayobowe na al-Qaeda kandi ko abiyerekana bari batewe n’ibiyovyabwenge vya hallucinogene. Yasavye abamushigikiye kumurwanirira mu kurwanya abiabiyerekana.


Kwifata kwa Kadhafi vyagaragaye ko bigenda bigabanuka uko ingabo zitavuga rumwe n’ubutegetsi zongerewe inguvu. Mu mpera za Ruhuhuma, ingabo z’abatavuga rumwe n’ubutegetsi zari zimaze kugenzura agace kinshi ka Libiya, zikikije Tripoli, aho Kadhafi yagumye ku butegetsi ariko mu bwigunge bugenda bwiyongera. Mu kiganiro Kadhafi yagiranye n’ibitangazamakuru vyo mu Burengerazuba ku wa 28 Ruhuhuma, yashimangiye ko agikundwa cane n’abanyagihugu ba Libiya kandi ahakana ko ubutegetsi bwakoresheje ihohoterwa rikorerwa abagira imyiyerekano. Yongeye kuvuga ko abatavuga rumwe na leta ya Libiya bari barateguwe na al-Qaeda.


Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bamaze gukomera, igitutu mpuzamakungu kuri Kadhafi kuva ku butegetsi cariyongereye. Ku wa 26 Ruhuhuma Akanama k'umuryango Onu gashinzwe umutekano kemeje ko icemezo kirimwo ibihano vyafatiwe ku butegetsi bwa Kadhafi, gushiraho itegeko ry’ingendo ndetse no gufatira intwaro  no guhagarika umatungo y’umuryango wa Kadhafi. Ku wa 28 Ruhuhuma Amerika yatangaje ko yahagaritse miliyari 30 z'amadolari y'umutungo wa Libiya ufitanye isano na Kadhafi.


Naho kurwanya ibikorwa vya Kadhafi vyakomeje kwiyubaka, ingabo ziwe zasa naho zagaruye inguvu muri Libiya, zigarurira uduce twinshi twafashwe n’inyeshamba hakiri kare mu ntambara. aho ingabo za Kadhafi zatera imbere i Benghazi, Akanama k'umuryango wa ONU gashinzwe umutekano katoye ku wa 17 Ntarante kwemerera ibikorwa vya gisirikare vyo kurinda abanyagihugu. Ibikorwa vy’indege vyakurikiyeho, biyobowe n’umuryango wa (NATO), ca rwanije cane ingabo zishigikiye Kadhafi ariko nticakemuye bishimishijegushira mu gaciro abatavuga rumwe na Khadafi. Mu mpera za Ntwarante, ubutegetsi bwa Kadhafi bwahungabanijwe no gutandukana kw'abayobozi bakuru babiri ba Libiya, Moussa Koussa na Ali Abdussalam el-Treki, bose bari mu muryango wa Kadhafi. N'ubwo ivyo vyagarutsweho, Kadhafi yasa nkaho akomeje kuyobora i Tripoli, avuga  ko azorwanya umugambi uwo ari wo wose wo kumukura ku butegetsi. Ingabo zishigikiye Kadhafi zakomeje gukora nubwo ibitero vyari bikomeye vy’indege za NATO.


Ku ya 30 Ndamukiza igitero c’indege za NATO ku kigo ca Bāb al-ʿAzīziyyah ca Kadhafi i Tripoli cahitanye umuhungu muto wa Kadhafi, Sayf al-Arab, n'abuzukuru batatu ba Kadhafi. Bivugwa ko Kadhafi yari mu nzu yagabweho igitero igihe yagabweho igitero, yatorotse nta gikomere. Nyuma y’igitero c’indege, NATO yahakanye ko yafashe imigambi yo gushaka kwica Kadhafi.


Mu ntango za ntwarante ubutungane mpuzamakungu mpanavyaha (ICC) rwatangaje ko rugiye gufungura iperereza ku vyaha bishobora kuba vyihohoterwa ry'agateka ka muntu vyakozwe na Kadhafi n'abamushigikiye. Ku wa 16 Rusama ICC yasavye ko hashirwaho impapuro zo guta muri yompi Kadhafi, hamwe n'umuhungu we Sayf al-Islam hamwe n'umuyobozi ajejejwe iperereza muri Libiya, Abdullah Senussi, kubera ko bategeka ibitero ku banyagihugu mu gihe c'imyiyerekano; impapuro zo guta muri yompi, kubera ivyaha ndengera buntu, zatanzwe ku wa 27 Ruheshi.


Muri Myandagaro 2011, Kadhafi yari  ku butegetsi vyagaragaye ko yatorotse igihe ingabo z’inyeshamba zinjira i Tripoli zigarurira uturere twinshi tw’umuji. Abarwanyi b'inyeshamba bageze ku ntsinzi ikomeye y'ikirenga ku wa 23 Myandagaro ubwo bafata ikigo ca Bāb al-ʿAzīziyyah, icicaro gikuru ca Kadhafi i Tripoli. Inguvu numunezero vyasesekaye mu kigo, basenya ibimenyetso vy'ubutegetsi bwa Kadhafi. Aho Kadhafi aherereye ntihamenyekanye, nubwo yasohoye ubutumwa bwinshi bw'amajwi asaba abaturage ba Libiya kurwanya inyeshamba. Igihe ingabo z’inyeshamba zashimangira  i Tripoli, zakajije umurego mu gukurikirana Kadhafi, zitanga igihembo ca miliyoni 1.7 z'amadolari yo kumwica canke kumufata. Kadhafi yiciwe i Sirte ku wa 20 Gitugutu ubwo ingabo z'inyeshamba zafata umuji, kikaba ari kimwe mu bigo bikomeye vya nyuma vy’intahemuka.